Umugani w’uruyongoyongo 

Umunsi umwe uruyongoyongo rwarakugendeye ruraritse urunwa n’urujosi ruza kugera ku nkombe y’uruzi.

Rurabukwa ifi ebyiri mu mazi hafi y’inkombe y’uruzi.

Ruba rwarazifashe iyo rubishaka, ariko kubera rwari rutarasonza ruriraramira.

Hashize umwanya, akayara kararushikura.

Haza kuza agafi gatoya, uruyongoyongo rwanga kugafata! Ubwo busa! Ngo rutegereje amronko ari buruhaze.

Rwamaze guhererwa, kandi inzara irurembeje; rupfa kwagukira akanyamunjonjorerwa. Inzara da!

Urwanira byinshi ukabura na duke wari ufite.

Be the first to comment

Leave a Reply

Your email address will not be published.


*